NTUZOZIRE KUTAGIRA UBGENGE

Nk’uko Bibiliya ibivuga, umuntu adafise ubgenge birashika akabizira kuko akora akavuga n’ivyo atazi.

Umuhanuzi Hoseya arabivuga neza. Avuga ati:
« Abantu banje baranduwe no kutagira ubgenge… »(Hoseya 4: 6)

Iri jambo riraba cane cane:
1. Abantu batazi ko batagira ubgenge, hamwe
2. n’Abantu bazi ko bafise ubgenge ariko badashaka kumenya ivyo batazi.

None umuntu akwiye kumenya iki?
1. Umuntu akeneye kumenya Imana n’urukundo imukunda,
2. Umuntu akeneye kumenya ko yizeye Yesu Kristo nk’umwami n’umukiza wiwe, ahindura umwana w’Imana,
3. Umuntu akeneye kumenya ko akizwa kubw’ubuntu bg’Imana gusa atari kubw’ikorwa vyiwe,
4. Umuntu akeneye kumenya aho inkomezi ziwe zishingiye kugira ngo azikoreshe mu kurwanya inabi n’aho intege nke ziwe ziri kugira ahitwararike, azitsinde,
5. Umuntu akeneye kandi no kumenya kubana neza n’abandi.

IGISABISHO:
Uhoraho Imana yacu, duhe ubgenge.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *