Wari uzi ko dushinzwe abandi?
Ijambo ry’Imana riduhimiriza guhora duhanura, tuburira abandi kugira tubarinde ibibi vyose.
« Ni nabgira umunyakibi, nti Ntuzobura gupfa: nawe ugaheza ntumuburire, canke ng’ ugire ico uvuga co kuburira umunyakibi ngw ave mu nzira yiwe mbi, ng’ ukize ubugingo bgiwe, uwo munyakibi azopfira mu bigabitanyo vyiwe; arikw amaraso yiwe nzoyakuronderako. Ariko ni waburira umunyakibi, ntahindukire ngw areke ibibi vyiwe, canke ngw ave mu nzira yiwe mbi, azopfira mu bigabitanyo vyiwe; ariko weho uzoba urokoye ubugingo bgawe. »(Ezekiyeli 3:18-19)
Nta muntu n’umwe yavutse ari umunyakibi, umuntu ahinduka umunyakibi kubera abandi.
Ku ruhande rwacu, ntidukwiriye gusa kwirinda ko hatogira uwuba umunyakibi kubera twebge, ahubwo dukwiriye no kuburira abanyakibi igihe cose kugira bave mu bibi vyabo no mu nzira zabo mbi.
Kuburira abantu babi canke abanyakibi, ntibikiza ubuzima bgabo gusa, ahubwo natwe ubgacu bitugirira neza.
Rimwe na rimwe, dutinya kubikora kubera twirinda kwikwegera ingorane, ariko tumenye ko tubishinzwe.
Ntitubatinye rero, tubaburire.
IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe kutazosubira gutinya kuburira abanyavyaha kugirango dukize ubuzima bgabo.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.
THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA