Bibiliya iratubwira inkuru y’umuntu yar’ avuye i Yerusalemu, arikw aramanuka aja i Yeriko, agwa mu bambuzi, baramukoba, baramukubita, barigira, basiga ashigaje gatoya agahwera.
« Hariho n’umuherezi amanuka mur’ iyo nzira, amurengukako, amubonye aca i ruhande. Kandi n’Umulewi ahashitse agira kuno, amubonye aca i ruhande. Maz’ Umusamariya yari mu nzira ashika kuri we, amubonye amutera akagongwe: aramwegera, amupfuka inguma, amusomoza amavuta ya elayo na vino, amushira ku ndogoba yiwe, amujana mu ndaro y’abahita, aramurwaza. »(Luka 10:31-34)
Birashobora kudushikira tukabura ubufasha mugihe tubikeneye cane.
Igitangaje cane, ubufasha bwacu canke ubutabazi nti butegerezwa kuva aho tuba tubwiteze, n’ukuvuga nko mu bagize imiryango yacu, kubo dufata nk’inshuti canke ku bakozi b’Imana. Ubufasha canke ubutabazi biva gusa ku bantu Imana iturungikira, nk’uyu musamariya.
Niwahura n’ikibazo gisa n’ic’uyu mugabo yakubiswe agatabwa mu nzira, rindira Umusamariya wawe.
Nta nkeka ko Imana izokurungikira umuntu uzokugirira akagongwe.
Ihangane kandi wizere Imana.
IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, dufashe kurindira twihanganye ubufasha bgawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.
THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA