SANGIRA N’ABANDI ICO UFISE

Igihe yariko aja mu gihugu cose giherereye kuri Yorodani, yigisha abantu ukubatizwa kwo kwihana ngo bakurwekw ivyaha, Yohana Umubatiza yabgiye ishengero ryari rivuye i wabo rije kubatizwa na we, ati: « Mwa bana b’inzoka mwe, ni nde yababuriye ngo muhunge uburake buzoza? Nuko mwame imbuto zikwiranye n’ukwihana: kandi ntimutangure kwiyumvira mu mitima, muti Ko dufise Aburahamu, ni we sogokuruza. Ndababgira yukw aya mabuye Imana ishobora kuyavyuramw’ abana ba Aburahamu. Arikw incabiti igenekerejwe ku bitsina vy’ibiti; nuko rero, igiti cose kitama ivyiza kiracibga, kigatererwa mu muriro. »(Luka 3:7-9)

Ishengero riramubaza, riti:
« None tugire dute? »(Luka 3:10)

Arabishura, ati:
« Ufise amapfundo abiri, rimwe n’arihe utarifise, n’ufise ivyo kurya n’agire artyo. »(Luka 3:11)

Rimwe na rimwe, dukunda guha agaciro ivyo dutunze cane kuburyo tureka bikatuyobora, tugasa n’ababaye abaja bavyo.
Iyo tubaye abaja b’ibintu dufise canke dutunze, mu bisanzwe ntitwifuza kubisangira n’abandi.
Yamara, Ijambo ry’Imana ridutegeka gusangira n’abandi, na cane cane n’abafise bike kuri twebge, abo dufise ico tubarushije.
Gusangira n’abandi ni bumwe mu buryo bgo kugaragaza urukundo Imana idukunda kandi iduhimiriza gukunda abandi.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, dushoboze guhora dusangira n’abandi ivyo uduha.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *