Zaburi ya 118 iduhamagarira kuninahaza Uhoraho no kumushima kubg’ivyiza n’urukundo vyiwe bidashira.
« Ni mushimire Uhoraho yukw ari mwiza:
Kukw imbabazi ziwe zamah’ ibihe bidashira. »(Zaburi 118: 29)
N’aho tudakunda gushimira abatugirira ivyiza ndetse n’uwaturemye, dufise impamvu zirenga igihumbi zo gushimira Imana.
Ivyiza idukorera n’urukundo idukunda ntibishira.
Imbabazi zayo zihoraho ibihe vyose zitandukanye n’imbabazi z’umwana w’umuntu.
Imbabazi z’umuntu co kimwe n’urukundo rwiwe, ntiziramba; inyuma y’igihe runaka, zirarambirwa kubera ukudashima kw’abantu, zigacika intege kubera ubuhemu bg’abantu, impera n’imperuka zikaruhira guhera.
Imana bikundira abantu bashima.
Umutima ushima n’umutima uhora unezerewe kuko Imana ihora iwuzuza umunezero no kunyurwa.
Iyo uwo mutima ushimira Imana, uhamagara imigisha n’ivyiza vyinshi biva ku Mana kuko Imana ikunda umutima ushima.
Reka rero dushimire Imana kubg’ivyiza vyayo n’urukundo rwayo.
IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Imana yacu, duhe guhora tugushima kubg’ivyiza n’urukundo vyawe bihoraho.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.
THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA