SI NK’ABANDI BOSE !

Hari abantu bamwe bamwe bibaza ko ari abagororotsi bagasuzugura abandi.
Bameze nka wa mufarisayo yasenze ahagaze, yiyerekana, avuga n’ijwi rirenga ati:
« Ndagushimye yuko ntameze nk’abandi bose, abanyazi, cank’ abagabitanya, cank’ abasambanyi, canke n’abameze nk’urya mutozakori. Mu misi ndwi yose nisonzesha kabiri, ntanga ikigiracumi c’ivyo ndonka vyose. »(Luka 18:11-12)

Ni vyiza ko tubona ko n’aho uyu mufarisayo yari yagiye mu rusengero gusenga, yatashe ataco asavye. Isengesho ryiwe ryari rigizwe no gutondekanya mbere ibibi adakora, hanyuma agakirikiza ivyiza akora; ariko ivyo vyose yabikoranye umutima w’ubgibone.
Abantu bose bameze nk’uyo mufarisayo n’inryarya. Cokimwe n’uyo mufarisayo, bumva ko ari abagororotsi kandi atari bo kandi bagacira abandi imanza barenza urugero kuko uko babavuga atariko bari.

None bimaz’iki kwibona uko utari, ukabgira Imana ko ugororotse kandi izi ko ubesha kuko yibonera ahihishije, mu mutima wawe?
Bimaze iki gucira abandi imanza imbere y’Imana kandi utazi uko Imana ibabona?
N’akamaramaza!
Nico gituma Yesu yavuze ko « uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, arik’ uwicisha bugufi azoshirwa hejuru. »(Luka 18:14)

Muvy’ukuri, abakristu bavutse ubwa kabiri ntibasuzugura abandi. Barazi ko bakijijwe kubw’ubuntu bg’Imana kandi ko n’abandi bazokizwa kubw’ubuntu bg’Imana. Bicisha bugufi.
Reka twicishe bugufi.

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, duhe kwicisha bugufi mu buzima bgacu bga minsi yose.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye tuvyizeye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *