Ijambo ry’Imana ritubwira ko nitwaba dukunda Imana, abandi bategerezwa kubibonera ku rukundo tugaragariza abantu batwegereye.
« Umuntu ni yavuga, ati Nkunda Imana, akanka mwene Data wundi, aba ar’ umubeshi. Kuk’ udakunda mwene Data yabonye ntashobora gukunda Imana atabonye. »(1 Yohana 4:20)
None, ni gute twubahuka kuvuga ko dukunda Imana tutigeze tubona mu gihe twirengagiza abavukanyi bacu, ababanyi bacu canke abo dukorana?
Nigute twubahuka kuvuga ko dukunda Imana mu gihe twanka abana bayo tubahora ubwoko bwabo, amadini basengamo, ivyiyumviro vyabo vya politike, canke ibindi?
Reka tureke kubesha, ntidukunda Imana nitwaba tudakunda abana bayo.
IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe gukunda bivuye mu mutima abana bawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.
THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA