TWABAYE UMWE NA KRISTO

Ijambo ry’Imana ritubwira ko turi muri Kristo Yesu, nawe ari muri twebge; muri make, twabaye umwe nawe.

« Ni jewe muzabibu, namwe mur’ amashami: uguma muri jewe, nanje nkaguma muri we, uwo ni we yama cane, kukw ataco mubasha gukora mutamfise. »(Yohana 15:5)

Yesu niwe muzabibu natwe tukaba amashami, ntidutandukanye, twabaye umwe.
Abantu benshi bahora basenga bahamagara Imana, bakayinginga ngo ize ibatabare, nk’uko womenga iri kure, ariko sivyo, IMANA yacu iri muri twebge. Yesu Kristo niwe yayitwegereje, ubu twabaye umwe, twibanira n’Imana.
Ico dusabwa gusa, n’ukuvyemera no kuvyizera.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe kwemera no kwizera ko Yesu Kristo ari muri twebge.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *