Urazi ukuntu bidashimishije kuganira n’umuntu avuga wenyene, ataguha umwanya ngo uvuge nawe ?
Rimwe na rimwe, ivyo bintu turabikorera Imana.
« Ankangura uko bukeye, akangurira ugutwi kwanje kwumva, nk’ukw abigishwa bumviriza. »(Yesaya 50:4)
Imana iraturengeye kubw’urukundo rwayo, ubuntu bwayo, ariko ikiruta vyose, mu bushobozi ifise bwo kutwumva no kutuvugisha.
Nivyo, twizera ko amasengesho atari icifuzo kija ku Mana gusa, ahubwo ko ari ibiganiro hagati y’Imana Data natwe abana bayo.
None iyo turiko turasenga, turafata umwanya wo kwumviriza ico Imana ivuga?
Ntidukwiriye kuyiremeka gusa ivyifuzo vyacu kandi tutayemerera ko nayo ivuga n’ijambo na rimwe.
Ahubwo nk’uko Imana iduha umwanya ikadutega amatwi, natwe dukwiriye gufata umwanya wo kuyumviriza.
IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, duhe ubushobozi bgo gufata umwanya wo kukwumviriza.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.
THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA