UBUGOMBE BGAWE BWUBAHE UBG’IMANA

Umuntu wese yifuza gukoreshwa n’Imana ategerezwa kuba yiteguye kureka imigambi yiwe n’ivyifuzo vyiwe kugira ashire mu ngiro ubugombe bgayo nka Yesu. Rimwe na rimwe, kugira ngo Imana yiheshe icubahiro, duhamagarirwa guheba ubugombe bgacu tukubaha ubugombe bgayo. Ntivyoroshe, ariko ni ngombwa.

« Data asangwa vyoshoboka, iki gikombe ni kindengane: ariko ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba. »(Matayo 26:39)

Inyuma y’ikimazi ic’arico cose tuzobona icubahiro c’Imana.
Burya Yosuwa yarashaka kuzunguruka Yeriko incuro nyinshi? Oya, vyari ibisazi.
Burya Aburahamu, mu mutima wiwe, yari ahimbawe no gutaga umwana wiwe Isaka nk’ikimazi? Oya.
Burya Mose, ku myaka mirongo umunani, yarifuza kuyobora abantu bagumutse imyaka mirongo ine mu bugaragwa aho kwiberaho iminsi yiwe yo mu busaza mu mahoro? Oya.
Burya kamere ya Yesu yarashaka umusaraba? Oya.
Ibi vyose vyayobowe n’ubugombe bwa Data wo mw’ijuru kugira ngo icubahiro c’Imana kigaragare.
Ibihome vya Yeriko vyarasenyutse.
Isaka yabaye se wa Isiraheli nayo Aburahamu yitwa incuti y’Imana.
Mose yabaye umutabazi akomeye yabonye icubahiro c’Imana nk’abantu bake.
Yesu we …
Reka duhitemwo kwubaha ubugombe bg’Imana.

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, dufashe guhora twubaha ubugombe bgawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *