UGENDANA NANDE ?

Mbwira uwo mugendana, ndakubwire uw’uri.

Igitabo c’imigani kivuga ngo:
« Gendana n’abanyabgenge, nawe uzogira ubgenge, Arik’ ucudika n’ibipfu azokomereka. »(Imigani 13:20)

Niwaba ugendana n’abanyabgenge, bazokugira inama nziza mu buzima kandi uzoba umunyabgenge nkabo.
Ariko, niwaba ucudika n’ibipfu, ntibazoguha inama mbi gusa, ahubwo ntibazonatinya no kukuyovya, kugusunikira mu mitego canke kuguhemukira.

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, duhe kutazosubira gucudika n’ibipfu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *