UMUNTU YATORANIJWE

Umuntu yatoranijwe ntiyoroshe!
Igihe cose uzorwana n’umuntu yatoranijwe, utegerezwa kuzotsindwa.

Farawo ntiyashobora kwica Musa kuko Muse yari yaratoranijwe,
Abavukanyi ba Yozefu ntibashobora kwica Yozefu kuko Yozefu yari yaratoranijwe,
Pilato ntaco yashobora gukorera Yesu kuko Yesu yari yaratoranijwe.

Yesu yaravuze ati:
« Si mwebge mwantoranije, ariko ni jewe nabatoranije… »(Yohana 15:16)

Twaratoranijwe.
Rimwe na rimwe, abatwanka bibaza ko umunsi umwe bazoshobora kuturonka bakatugirira nabi.
Ivyo ntibikwiriye kuduhungabanya, dukwiriye kumenya ko twatoranijwe n’Imana.
Kwankwa bishobora kuba vyarugarije ubuzima bgacu, ariko twaratoranijwe n’Imana.
Zaburi ya 118:22 ivuga ko « Ibuye abubatsi bagaye ari ryo ryahindutse irigumya imfuruka. »
Turi ab’abadasanzwe kuko Imana yadutoranije.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe kumenya no kwumva ko twatoranijwe nawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *