UMUNTU YOBANA GUTE N’ABANTU BABI ?

Iyo wisanze ubana n’abantu babi kandi ubona bitoroshe kubirinda, ng’aya amayeri wokoresha kugira uhangane nabo:

① Kubigira kure:
Inzira nziza yo kwirinda ingaruka z’ubucuti n’abantu babi, n’ukugerageza, kubigira kure, ukitandukanya nabo.
« umuntu wese yiyubare umubanyi wiwe… »(Yeremiya 9:4)

② Kugabanya imigenderanire:
Iyo udashobora gushira abo bantu babi kuruhande, ni ngombwa kugerageza kugabanya urwego rw’icizere ubucuti bwawe canke umubano wawe vyari bigezeko.
« … kandi ntihagire uwo muri mwebge yizigira mugenzi we. »(Yeremiya 9:4)

③ Kwirinda kubigana ngo umere nkabo:
Abantu babi buri gihe bagerageza kumanura abandi kurwego rwabo. Kwaba ari ukunegura abandi canke iyindi ngeso mbi, bahora bashaka ko abandi babikora nkabo.
« Ntukigane ikibi, ariko wigane iciza. »(3 Yohana 1:11)

④ Kumwereka inenge yiwe:
Mu gihe ibindi vyose vyakunaniye, inzira nziza yo kugerageza guhagarika umuntu mubi, n’ukumwereka ingeso yiwe mibi.
« Mugenzawe ni yakugirira nabi, ugende umuhishuke mwiherereye; ni yakwumvira, uzoba wigaruriye mugenzawe. »(Matayo 18:15)

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, dufashe guhangana n’abantu babi.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *