UMWANSI WAWE NINDE ?

Birashoboka ko woba gushika ubu uciyumvira ko umwansi wawe ari uwukwanka, uwakubabaje canke uwo mufitaniye urubanza!
Ariko ivyo ni bibi cane, urihenda.

Umwansi wawe ni Satani.
Ntuzosubire kubabazwa n’abo, gushika ubu, wahora wita abansi bawe, n’aho boba barakubabaje cane, canke boba bahora bakugirira nabi.
Muvy’ukuri, Bibiliya ivuga ko « abo tunigana atar’ ab’ inyama n’amaraso, ariko tunigana n’abakuru n’abafise ububasha n’abaganza iyi si y’umwiza, n’impwemu mbi z’ahantu ho mw ijuru. »(Abefeso 6:12)

Satani niwe nkomoko y’amatati ari hagati yacu, ukutumvikana kwacu, ukutizerana, akababaro kacu, mbere n’inzankano zacu.

Muvy’ukuri, kuva duhinduka abana b’Imana, mu kwemera Yesu Kristo nk’umwami n’umukiza wacu, urwanko no kwinuba abansi, bica biva mu mitima yacu.
Tumenye rero ko abo Satani akoresha kugira ngo atubabaze, avyure ubwoba, ishavu canke urwanko mu mitima yacu, atari abansi bacu nyabo.
Ariko kandi twibeshe tukabita abansi bacu, tuba tuguye mu mutego w’umwansi Satani.

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, duhe kutazosubira gufata umuntu uwo ari we wese nk’umwansi wacu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *