URAFISE UBUGINGO ?

Abantu benshi bitiranya KUBAHO no KUGIRA UBUGINGO, ariko iyo turavye neza, turabona ko dushobora kubaho tudafise ubugingo.
Umuntu arakeneye urukundo, umunezero, amahoro, umutekano, ivyizigiro, kumenyekana, kwubahwa, kwemerwa, ubutungane, n’ibindi, atabironse ivyo ntashobora kuvuga ko afise ubugingo.

Dukurikije ijambo ry’Imana,
« Ufise Umwana wayo ni we afise ubgo bugingo; udafise Umwana w’Imana ntafise ubgo bugingo. »(1 Yohana 5:12)

Umuntu adafise amahoro yo mu mutima, nta bugingo afise;
Uwudafise ivyizigiro vya kazoza, nta bugingo afise;
Uwudafite amahoro mu mutima wiwe, mu rugo rwiwe, mu muryango wiwe, mu gace abamwo, nta bugingo afise;
Ariko kandi, n’uwudafise ukwizera, nta bugingo afise.
Noneho uwutanga ivyo vyose ni Yesu Kristo, umwana w’Imana, we yivugiye ko ari ubugingo: « Ni jewe nzira n’ukuri, n’ubugingo. »(Yohana 14: 6)
Uwudafise uyu Mwana (Yesu) ntashobora kugira umunezero n’aho yoba ari umutunzi gute.
Uwudafise uyu Mwana (Yesu) ntashobora kugira urugo rwiza n’aho yoba afise uwo bubakanye mwiza gute.
Uwudafise uyu Mwana (Yesu) ntashobora kugira amahoro n’aho mu gihugu ciwe, mu karere kiwe no mu muryango wiwe hoba hari amahoro.

Mbifurije mwese kugira uyu Mwana.
Muyandi majambo, mvuze nti:
« Nimugire ubugingo ! »

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, nuhe abantu bose kugira uwo Mwana wawe mu buzima bgabo.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’uyo Mwana nyene tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

2 réponses sur “URAFISE UBUGINGO ?”

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *