Niwaba utinya urupfu, ng’iyi inkuru nziza: Urupfu nta bubasha rugifise ku buzima bgawe kuva Yesu arutsinda akazuka.
« Kuko tuzi yuko Kristo, amaze kuzuka mu bapfuye, atagipfa, urupfu rutakimuganza. »(Abaroma 6:9)
Izuka rya Yesu ni ubgambere mu mateka umuntu yazutse mu bapfuye ntazosubire gupfa. Abandi bantu bazutse baruhiye gupfa ubugira kabiri (soma 1Abami 17:17-24; 2Abami 4:32-37; Mariko 5:39-42; Yohana 11:38-44).
Izuka rya Yesu ryabaye intsinzi y’ukuri ku rupfu.
Niwaba rero wizera uyu Yesu yatsinze urupfu, ntuzosubire gutinya, urupfu ntiruzashobora kukugumana nk’uko rutamugumanye ikuzimu (soma Ivyakozwe 2:24), uzozuka wongere ubeho ubugingo budashira (Soma Yohana 3:16).
Na Yesu ubgiwe aravyemeza. Avuga ati:
« Ni jewe kuzuka n’ubugingo. Unyizera n’iyo yoba yarapfuye, azobaho; kand’ uriho wese anyizera, nta ho azokwigera apfa gushitsa ibihe bidashira. »(Yohana 11:25-26)
IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe kutazosubira gutinya urupfu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.
THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA