USENGA RYARI ?

Usanzwe usenga?
Usenga ryari?
Ubwo ntiwibuka gusenga iyo ufise ingorane, iyo urwaye, canke iyo ufise ubwoba gusa?

Erega GUSENGA, n’ukuganira n’Imana.
Imana yabwiye umuhanuzi Yeremiya kubwira abantu bayo ngo:
« Muzonyambaza, muzoza munsenge, nanje nzobumva. »(Yeremiya 29:12)

None wewe urindiriye gutangura gusenga ari uko ushikiwe n’ivyogutuma wifuza gusenga?
Ubu ntaco obona woganira n’Imana?
Nta n’ivyo woyishimira?
Yamara n’ivyo gushima ntibibuze!
Ubuzima, ukubaho, amagara meza, gutekana, gutunga no gutunganirwa, n’ibindi vyinshi, n’ivyo guhora dushima kuko ntaco duha Imana kugira ibiduhe.

Umuntu abanye neza n’Imana, nta bundi buzima bumunezereza kandi bumuha amahoro nk’ubuzima bw’amasengesho.
Nayo umuntu adasenga Imana, n’umuntu yibaza ko adafise ico yoganira nayo, kandi bisigura ko atazi ko Imana ari isoko rya vyose.

IGISABISHO:
Uhoraho, Mana yacu, duhe guhora twifuza kuganira nawe ibihe vyose.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *