UZURA N’ABANSI BAWE !

Herode na Pilato bari bamaze igihe ari badacan’uwaka, ariko, kubera bahurije ku gutoteza Yesu, baruhiye kwumvikana bavuga rumwe!

« Herode na Pilato baca buzura uwo musi nyene, kuko bari basanzwe bankana. »(Luka 23:12)

Iyo binanirana ko Herode na Pilato bumvikana kuri Yesu, Yesu ntiyari kubambwa, ubugombe bg’Imana ntibgari kuja mu ngiro.
Murazi igituma?
Ni kubera ko Imana yanka inzankano kandi igakunda gukorera ahari urukundo, ubumwe n’umwumvikano.
Dukwiriye rero kwirinda inzankano kandi tugakora ibishoboka vyose kugira ngo twiyunge n’abansi bacu, noneho Imana nayo ibashe gukora ivyiza vyayo mu buzima bgacu.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, dufashe kwuzura n’abansi bacu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MISSION IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *