Mw’ibaruwa ryiwe rya kabiri yandikiye Abakorinto, intumwa Pawulo arashibga intahe ko « Umuntu wese iy’ ari muri Kristo, aba ar’ icaremwe gisha: ivya kera biba bihise, vyose biba bicitse bisha. »(2 Abakorinto 5:17)
Muvy’ukuri, niba uri muri Kristo, ubuzima bgawe busanzwe, icaha ciganziye, butegerezwa gupfa (umurongo wa 14) hanyuma Imana ikarema muri wewe, kubwa Mpwemu wayo, ubuzima bushasha bwerekana canke bugaragaza ibintu vyose bitandukanye n’ivy’umuntu wa kera, ivyiyumviro, urukundo, ivyifuzo, ivy’ukenera, umunezero n’ububabare, ubwoba n’ivyizigiro.
Ivyo bintu vyoba vyaracitse bisha mu buzima bgawe?
Niba ata kintu kirahinduka mu buzima bgawe, reka Imana iguhindure, kuko igikorwa c’Imana, kimaze gutangura mu buzima bgawe, ntigihagarara kitagutunganije.(Abafilipi 1:6, Abefeso 2:10, Abagalatiya 6:15)
IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe kworohera impinduka zose ukora mu buzima bgacu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.
THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA