KWIZIGIRA IKINYOMA BIRICA

Ijoro rimwe, umutunzi yahuye n’umutama w’umworo hanze mu mbeho, aramubaza ati: « Nta mbeho wumva ko mbona uri hanze mu mbeho kandi ata koti wambaye? »
Uwo mutama aramusubiza ati: « Nta koti mfite ariko ndabimenyereye. »
Umutunzi aca amubwira ati: « Ndindira gato, nje muhira ndakuzanire ikoti. »
Umukene yaranezerewe cane ariko uwo mutunzi ageze iwe sinzi ivyamufatiriye aca yibagira wa mukene.
Bukeye bwaho, agize ngo aramwibutse, yagiye kuraba wa mutama aho yamusize asanga yapfuye. Ariko yasize yanditse urwandiko ruvuga ngo:
« Igihe namaze ntambara ikoti nari nshoboye kwihanganira imbeho, ariko kuva aho wambwiriye ko ugira umpe ikoti, naciye ndavyishiramwo ndavyizera, bica vyica ukwihangana nari nifitiye. »

Bibiliya itugira inama yo kwizigira Imana aho kwizigira abana b’abantu:
« Kugira Uhoraho ubuhungiro kuri n’ikimazi Kuruta kwizigira abahambaye. »(Zaburi 118:9)
Ariko natwe dukwiriye kwirinda gusezeranira abantu ivyo tutari bwubahirize, kuko kwizigira ibinyoma birica.
« Wopfuma utagira ico usezerana, hak’ usezerana ntushitse. »(Umusiguzi 5:5)

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, dufashe kwubahiriza amasezerano yacu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA