IMISOZI ICIKA IBIYAYA IMBERE YACU

Igihe Imana yaha Zerubabeli inshingano zo gusubira kwubaka urusengero rwa Yerusalemu gushika rwuzuye, Zerubabeli yabona ko atavyo azoshobora kuko yabona ko bimurengeye, kandi n’igihugu ciwe, nta bushobozi cari gifise, nta n’ingabo zo kwubaka urwo rusengero cari gifise. Kuri we, yasa n’uwubona imbere yiwe umusozi uturirwa.

« Wa musozi munini we, ur’ iki? Uzocikira ikiyaya imbere ya Zerubabeli… »(Zekariya 4:7)

Yamara, ku bw’ubushobozi bwa Mpwemu w’Imana yakorera muri we, uwo musozi wategerezwa guhinduka ukaba ikiyaya.
Ivyo twebge twokwita imisozi yacu, n’ibibazo bikomeye, n’ibihe bitoroshe, n’indwara zidakira canke iyindi mibabaro, twibaza ko bidashobora kubona igisubizo.
Aho kugira ngo dutsindwe kandi tuvyemere nk’ibisanzwe, noneho tugere aho dusigara tuvuga ngo « indwara yanje », « ingorane yanje », « amakosa yanje », n’ibindi, dukwiriye ahubwo kuvyanka tukavyikurako mw’izina rya Yesu. Ico dukeneye gusa n’ukuba dufise ukwizera.
Yesu aratubwira ati:
« Ndababgira ukuri yuk’ umuntu wese yobgira uyu musozi, ati Shinguka utabge mu kiyaga: ntabikekeranye mu mutima, arikw akizera yukw ico avuze gikorwa, azokibona. »(Mariko 11:23)

Muvy’ukuri, nk’abana b’Imana, ivyo dusaba vyose mu kwizera, dutegerezwa kukibona.
Duhore twibuka ko, kuva twakiriye Yesu nk’Umwami n’umukiza wacu, tukaba abana b’Imana, dufise uburenganzira bgo gutegeka mu kwizera, ibintu vyose bikatwumvira.
Reka rero duhangane n’ibiduhanze vyose, dutegeke ivyari nk’imisozi imbere yacu bihinduke ibiyaya.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, dushoboze guhora dutegeka imisozi iri imbere yacu guhinduka ibiyaya.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
https://thelionofjudah.cw.center//
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *