UMWAKA MUSHA N’IBINTU BISHA

Uriteguriye kwakira ibintu bisha mu buzima bgawe?
Uriteguriye kugira ico uhindura mu buzima bgawe?
Mur’uyu mwaka watanguye uno munsi, IMANA ishaka gukora ibintu bishasha mu buzima bwacu.

« Ivyagira kuri ya ntebe iravuga, iti Raba vyose ndabihindura bisha. Kand’ it’ Andika, kukw ayo majambo ar’ ayo kwizerwa n’ay’ ukuri. »(Ivyahishuriwe Yohana 21:5)

Ibintu vyose nibibe bisha muri uyu mwaka.
Abansi bacu babe abakunzi bacu,
Ivyatugoye vyose vyorohe,
Ibitahora bishoboka kuri twebge bishoboke,
Amadeni yacu yose afutwe,
Indwara zitahora zikira zikire,
Ibintu vyose Satani yatwivye tubisubizwe,
Imiryango yose y’umunezero yari icugaye, yuguruke, nibindi.
Amen.

IMANA ishaka gukora ivyo bintu vyose mu buzima bwacu. None turashigikiye ibikorwa vyayo?

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA