« Imbuto zo kugororoka » n’ijambo dusanga muri Bibiliya rivuga ku vyiza biva mu kubaho ubuzima bugororotse, wisunze ijambo ry’Imana.
Mw’Isezerano Risha, kugororoka kugaragara nko kubaho mu buryo buhuje n’ubugombe bg’Imana.
Hamwe mu bice bivuga ku « mbuto zo kugororoka » tuhasanga muri Yakobo 3:18, hagira hati:
« Kand’ imbuto zo kugororoka zibibga mu mahoro n’ababanguranya. » (Yakobo 3:18)
Ibi vyerekana ko abaharanira kubaho mu mahoro, bagakora ibitunganye, kandi bagahora bifuza kugororoka muri vyose, impera n’imperuka barabona impembo y’ivyo bakoze.
Mu mbuto babona harimwo:
1. Amahoro:
Ubuzima bgo kugororoka akenshi buranga amahoro mu muntu, kandi bukamuha amahoro mu mubano wiwe n’abandi.
2. Umugisha n’Ubutoni:
Imana ihora ihemba imigisha abantu babaho mu buzima bugororotse kandi ibagirira n’ubuntu
3. Kwemerwa no kwizerwa:
Ubuzima bugororotse butuma umuntu akora ibikorwa vyiza kandi agira n’imico myiza. Ivyo navyo bituma yemerwa kandi yizerwa mu bantu.
4. Ubuzima buhoraho:
Mu myemerere ya giKristo kubaho ubuzima bugororotse bihesha umuntu kuzobaho ubuzima buhoraho iruhande y’Imana.
Mu buryo bwagutse, kugororoka wisunze amategeko y’Imana, bizana imigisha, haba muri ubu buzima, mbere no mu buzima buzoza.
Reka twibere abagororotsi.
IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, dufashe kubaho ubuzima bugororotse.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’Umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.
Intumwa Jean-Claude SINDAYIGAYA