Wari uzi igituma Imana yashize mu maso h’umuntu imbere ku mutwe?
Ni kugira abandi babashe kubona no kwumva uko tumerewe mu mutima.
Kukaba nkako, nk’uko Bibiliya ibivuga, mu maso h’umuntu usanga akenshi herekana amarangamutima n’imyitwarire y’umuntu, yaba umunezero, umubabaro, uburake, canke kwemerwa.
Ng’iyi imirongo imwe ivyemeza:
« Umutima unezerewe ukesha mu maso, Arik’ umubabaro wo mu mutima usavya umushaha. »(Imigani 15:13)
Ibi vyerekana ko imiterere y’imbere h’umuntu igaragarira mu maso hiwe.
« Ariko ntiyakirira Kayini ishikanwa ryiwe. Maze Kayini araraka cane, mu maso hiwe harijirwa. Uhoraho abaza Kayini, ati N’iki kikurakije, kandi n’iki gitumye wijiriwe mu maso? »(Itanguriro 4:5-6)
Hano, mu maso ha Kayini hagaragaza uburake n’ishari.
« Ni nde ameze nk’umunyabgenge? Ni nde azi ukw ikintu gisobanurwa? Ubgenge bg’umuntu buzana umuco mu maso hiwe, bukahakura iminkanyari. » (Umusiguzi 8:1)
Ibi vyerekana ko ubgenge n’imyitwarire y’imbere bigira inkurikizi mu maso h’umuntu.
Akarorero ka Bibiliya kabivuga neza ni aka Nehemiya:
Mu maso ha Nehemiya haragaragaje uko ameze imbere mu mutima wiwe.
Muri Nehemiya 2:1-2, igihe yari imbere y’Umwami Aritazeruzi, mu maso hiwe hagaragaje umubabaro yar’afise.
Niho umwami yamubwira ati:
« Mbega k’ubabaye, wiraburaniwe mu maso, kand’ utarwaye? Ivyo ntibiterwa n’ikindi, atar’ umubabaro wo mu mutima. »
Kubera ko Umwami yarabanye Nehemiya amaso y’urukundo, yarabonye ko hari ibitagenda neza muri Nehemiya.
Nivyo, mu maso h’umuntu harerekana uko amerewe imbere mu mutima wiwe, ariko na cane cane, iyo tuharabanye amaso y’urukundo, tugera kure kuko duca turondera kumenya icatumye uwo muntu atamererwa neza n’ingene twomufasha.
Niwaba rero ushaka kuvugana neza n’abandi, ukabana nabo neza, wifuza kubamenya, kubumva no kubafasha, canke wifuza ko ivyo muvugana n’ivyo mukorana bitaba amasigaracicaro, ahubwo biba ingirakamaro, ukwiriye kwitondera mu maso habo, ugafata umwanya wo kuza urabitegereza neza mu maso habo uko muvugana.
IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe guhora turabana amaso y’urukundo mu maso ha buri muntu wese.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’Umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.
Apôtre Jean-Claude SINDAYIGAYA