Itunga riruta ibindi mu buzima bwacu si izahabu canke intsinzi tugira, ahubwo ni Ukubaho kw’Imana muri twebwe.
Mu Bisirayeli, iryo sandugu ry’isezerano niryo ryagaragaza ko Imana irikumwe nabo.
Aho ryari riri, haba harimwo Ijambo ry’Imana (amabuye y’amategeko), ububasha bwayo bwo gutunga abantu (imana), n’ubuyobozi bwayo (Inyonga ya Aroni).
Igihe Abafilisitiya bari batwaye iryo sandugu (1 Samweli 4), Isirayeli yaratsinzwe, iramaramara, ariko nabo bamenya ko ukwibonekeza kw’Imana kutabohwa.
Dagoni yaraguye, ivyago birabakubita, maze abafilistiya basubiza isandugu. Aho Imana iri, nta yindi mana ishobora kuhahagarara.
Haciye imyaka, Dawidi yaragarukanye isandugu i Yerusalemu mu munezero n’icubahiro (2 Samweli 6).
Ivyo vyerekanye ko imfatiro y’ubwami bwiwe atari abasoda canke inkuta, ariko ko ari ukubaho kw’Imana hagati mu banya Isirayeli.
Ivyanditswe bivuga ngo: “Uhoraho amuhaye impore hagati y’abansi biwe bose bamukikije.” (2 Samweli 7:1)
Nico gituma Dawidi yavuga ati: “Nzokwama ndyama nsinzire ata co nicura, Kukw ari wewe wenyene, Uhoraho, umpa kuba amahoro.” (Zaburi 4:8)
Ncuti yanje, inzu, amashure, ubutunzi canke abo muzinanye ntibishobora kuguha amahoro nyakuri. Ni ukubaho kw’Imana muri wewe gushobora kuyaguha. Aho Imana iri, ubwoba burahunga, abansi baratsindwa, umutima ugasanga uburuhukiro.
Ubu ntitukigira isandugu y’inzahabu, kuko vyose vyarangukiye muri Yesu Kristo. Muri We, ufise Ijambo rizima, Umutsima w’ubugingo n’Umuherezi mukuru uhoraho.
Iyo uhisemwo gushira Kristo ku mutima w’ubuzima bwawe, ntuba uri wenyene: Ukwigaragaza kwiwe kuba ikimenyetso cawe, uburuhukiro bwawe n’intsinzi yawe.
Niwibaze uti: Ni nde canke iki kiri ku mutima w’ubuzima bwanje?
Niba atari Imana, ntuzigera uronka uburuhukiro nyakuri. Ariko niba ukwigaragaza kwayo kuri muri wewe, nta kintu kizogutsinda, kandi uzobaho mu mahoro isi itigeze itanga.
IGISABISHO:
Uhoraho Imana Mwami wanje,
Ndemera ko ata kubaho kwawe, ataco ndi.
Injira mu mutima wanje, ufate ikibanza ca mbere.
Ba Umuyobozi wanje, amahoro yanje n’umutekano wanje.
Nk’uko Dawidi yabigize, ndipfuza ko ubuzima bwanje bwose bushingira kuri Wewe. Nunyuzuze Mpwemu wawe kugira ngo ngendere mu nguvu no mu munezero w’Ukubaho kwawe.
Ni mw’izina rya Yesu Kristo ndabisavye, Amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA