KURA UKOMERE MU MPWEMU

Ivyanditswe bitwigisha ko ubuzima bw’umukristo butangura ku guhinduka mushasha.
Ariko inyuma y’iyo mpinduka, Imana ishaka ko dukura kandi tugakomera mu mpwemu.
Abakristo benshi baracari abana mu buryo bw’impwemu, kandi ibi birabatesha amahirwe yo gushikira imigisha yabo yose.

Mw’ibaruwa ryambere yandikiye abakristo b’i Korinto, Pawulo avuga ati:
« Kubganje, bene Data, sinashoboye kubabgira nk’ ab’ impwemu, ariko nababgiye nk’abaganzwa n’akameremere k’imibiri yabo, nk’abana b’inzoya bo muri Kristo. »(1 Ab’i Korinto 3:1)

Kuba umwana mu buryo bwo mu mpwemu bisobanura kutagira ubwenge n’ukutamenya. Umwana ntiyiyumvira neza, hari ibintu adatahura, kandi ntazi gukingira ivyo afitiye uburenganzira.
Aba ari samuragwa, ariko aba atarabimenya.
Nico gituma, ashobora kunyarwa, kwibwa canke kwakwa ivyiwe canke abandi bakabikoresha uko bishakiye atanabizi.

Pawulo arongera akavuga ati:
« Ariko mvuga yuko samuragwa, iy’ akir’ umwana, ata co atandukanako n’umugurano, nah’ ari we nyen’ ibintu vyose. »(Ab’i Galatiya 4:1)

Igitangaje kandi kibabaje, n’uko umwana ashobora kuba samuragwa, nyen’ibintu, ariko akabirya canke akavyonona nk’umukozi. Afise uburenganzira bwose, ariko kubera kutamenya, abaho nk’uwutagira ikintu na kimwe.

Kuba umwana mu buryo bw’umpwemu bituma umuntu:

•Ayoborwa n’inyigisho zose zitari nziza (Abefeso 4:14)

•Umurage wiwe wibwa, kuko atazi kuwurinda,

•Abaho mu buzima bubi, kuko aba atazi ubutunzi afise.

Nico gituma Imana idusaba gukura: kuva ku “mata” y’umpwemu tuja ku biryo bikomeye, kuva ku kutamenya tuja ku gukura no kugendera mu kumenya ukuri.
Kura, kugira ngo ubashe kwidegemvya no kubaho ubuzima bwuzuye muri Kristo.

IGISABISHO :
Uhoraho, Mwami Imana,
Ndagushimiye kuba wampaye kuba umwana wawe. Ariko sinshaka kuguma ndi umwana mu buryo bw’impwemu, ntazi kandi ntagira ico akora ku burenganzira bwanje.
Nyuzuza ubwenge n’ubumenyi bw’Ijambo ryawe.
Mpa ubwenge n’ugukura kugira ngo menye amarorerwa y’umwansi Satani kandi mbashe kurinda ivyo wampaye.
Nshaka kugendera mu bwuzure bw’umurage wanje muri Kristo, nka samuragwa, atari nk’umukozi.
Ni mw’izina rya Yesu Kristo ndabisavye, Amen.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *