GARUKA KU MUKAMA

Yosiya amaze kuba umwami afise imyaka umunani (2 Abami 22:1), Ubuyuda bwari bwuzuyemwo ibigirwamana, ubukozi bw’ikibi n’ukwibagira Imana burundu.
Nta na kimwe cagaragaza ko ibintu vyohinduka.
Ariko hagati y’uruhagarara rusesema, uwo mwami akiri muto yafashe ingingo yahinduye ivy’igihugu cose: kurondera Umukama n’umutima wiwe wose (2 Ngoma 34:3).

Vyose vyatanguye igihe igitabu c’ivyagezwe vy’Uhoraho, ivyo Mose yazanye, catorwa mu ngoro y’Uhoraho (2 Ngoma 34:14–15). Ico gitabu cari caribagiwe cabaye nk’umuco mu mwiza. Bamaze kugisoma imbere ya Yosiya, amajambo yose yamukoreze ku mutima.
Yasanze abantu biwe bari barayobewe Imana nzima. N’umutima uciye bugufi, yaciye apfukama avuga ati:
“Ni mugende munsigurize Uhoraho, twe n’aba bantu n’abandi Bayuda bose, ivy’ amajambo yo mur’ iki gitabo batoye; kuk’ uburake bg’Uhoraho butuziriringiye ari bginshi, kubga ba sogokuruza batumviye amajambo yo mur’ iki gitabo, ngo bakore ivyanditswe muri co vyose twabariwe.” (2 Abami 22:13)

Ariko Yosiya ntiyabihagarikiye aho. Yaciye abikurikirana.
Yategetse ko abantu bose bongera kwumvira Ijambo ry’Imana (2 Abami 23:2), asenya ibigirwamana, asenya ibicaniro vy’abadayimoni (2 Ngoma 34:4), asukura urusengero, kandi agarukana isezerano imbere y’abantu bose (2 Abami 23:3).

Kuva ico gihe, ikangura ryo mu mpwemu ryaciye ritangura mu gihugu. Ivyari vyaratakaye vyarasubiriye biragaruka. Abantu bari basigaye bagendera mu mwiza barasubiye mu muco, kandi Bibiliya ivuga kuri Yosiya iti:
“Nta mwami mu bamwitangiye imbere yar’ ahwanye na we, yahindukiriye Uhoraho n’umutima wiwe wose n’ubugingo bgiwe bgose n’inkomezi ziwe zose, nk’ukw ivyagezwe vyose vya Mose biri; mbere no mu bamuherukiye nta n’umwe yahwanye na we.” (2 Abami 23:25).

Iyi nkuru iratwibutsa ukuri gukomeye:
Impinduka itangura iyo umutima usubiye ku Mukama.
Naho ibintu vyoba vyarasambutse, naho ubuzima bwoba butariko buragenda neza, haracari inzira: gusubira ku Mana, gusubira kw’Ijambo ryayo, gusubira mu kuboko kwayo. Uko kwigarura gushobora gukiza umuntu, umuryango, n’igihugu cose nk’uko vyabaye mu Buyuda.

N’uno musi, Imana irarindiriye. Ntiyahindutse. Irugururiye amaboko umuntu wese ashaka kuyigarukako.

IGISABISHO:
Mukama, ndakugarutseko.
Subiza mu buzima busanzwe ivyononekaye vyose mu buzima bwanje, garukana umuco mu vyazimye vyose muri jewe,
kandi hindura ubuzima bwanje ikibanza c’ikanguro. Amen.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *