Kuba umwana w’Imana ni kimwe mu bintu bikomeye Imana yahishuriye abantu biciye mw’Ijambo ryayo.
S’izina gusa, ahubwo ni karangamuntu nshasha, kamere nshasha, icicaro c’ubwami, n’umugabane wuzuye ivyiza gusa.
Imana ntiyaduhaye imbabazi gusa—yaratuvyaye gushasha, idushiramwo ubugingo bwayo, kamere yayo, na Mpwemu wayo.
1. Karangamuntu nshasha twahawe ku buntu
“Abamwakiriye bose yabahaye ububasha bgo gucika abana b’Imana.”(Yohana 1:12)
Ntituba abana b’Imana kubera ibikorwa vyacu, ariko tubiba kubwo kuvuka ubwa kabiri.
Imana iratwakira, ikadushira mu muryango wayo. Karangamuntu yacu ya kera irashira—agahinda, igihano, icaha, n’isoni. Ubu turi ab’Imana.
2. Kamere nshasha: kamere y’Imana muri twebwe
Biblia ivuga iti:
“Ivyo vyatumye aduha ivyo yasezeranye vy’akaburarugero, bihambaye cane, kugira ngo bibatere gusangira n’Imana akameremere kayo.”(2 Petero 1:4)
Kuba umwana w’Imana n’uguhabwa ubugingo bw’Imana, kamere yayo, ADN yaryo yo mu mpwemu.
Turahinduka rwose:
– twiyumvira ukundi,
– dukunda ukundi,
– tubaho ukundi,
– ntitubandanya gutinya nka mbere.
Umwana aronswa kamere y’umuvyeyi wiwe.
Mu vy’impwemu, Imana yaraduhaye ubushobozi bwo kwerekana umuco wayo, ubutungane bwayo n’ububasha bwayo mw’isi.
3. Uburenganzira bw’impwemu bwo gukoresha
Umwana w’Imana si umukene w’impwemu—n’umuragwa.
“Ariko ko tur’ abana bayo, tur’ abaragwa; tur’ abaragwa b’Imana, tur’ abaraganwa na Kristo.”(Abaroma 8:17)
Turafise uburenganzira bw’impwemu:
– uburenganzira ku mutekano w’Imana,
– uburenganzira ku bwigenge,
– uburenganzira ku gukira mu mutima no mu mpwemu,
– uburenganzira ku burinzi bw’Imana,
– uburenganzira bwo kwegera intebe y’ubuntu,
– uburenganzira bwo gukoresha izina rya Yesu,
– uburenganzira bwo kwanka ibikorwa vy’umwijima.
Kutabikoresha ni ukubaho munsi y’ivyo Imana yaduhaye.
4. Ububasha n’ubutegetsi twahawe n’Imana
Yesu yavuze ati:
“Ehe mbahaye ububasha bgo gukandagira inzoka na sikorupiyo , n’ubgo kunesha ubushobozi bga wa Mwansi bgose, kandi nta kintu kizogira ico kibagira na gatoya.”(Luka 10:19)
Kuba umwana w’Imana n’ukugendera mu:
– butegetsi ku mbaraga z’impwemu mbi,
– bushobozi bwo gutsinda icaha,
– intsinzi ku bwoba,
– ububasha mu gusenga,
– ubushobozi bwo guhindura ibintu mw’isi w’impwemu.
Ibi s’ukwibona canke ukwiyemera, n’umugabane wacu muri Kristu.
5. Ububasha bwo kurema biciye ku majambo
Kubera ko dusangiye kamere y’Imana—Imana irema biciye ku majambo yayo—twahawe ububasha bukomeye cane:
“Urupfu n’ubugingo biri mu bubasha bg’ururimi.” (Imigani 18:21)
Umwana w’Imana arashobora:
– guhamagara mu buzima ibitariho,
– gutegeka iherezo ry’ibitegerezwa gupfa,
– gutangaza umugisha no kuwubona ugaragara,
– kurandura ibikorwa vy’umwijima akoresheje akanwa,
– gutanga ubuzima, gukiza, gutanga amahoro no gusubiza mu busanzwe bw’abantu.
Ubu bubasha buva mu bugingo bw’Imana buri muri twebwe.
6. Intumbero y’icubahiro
Imana igira abana bayo intumwa—abatwara ububasha bwayo.
Ntitur’aho ngo tubeho gusa, ariko ngo duhindure, dutambukirize, tumurikire abandi, tugwanye umwijima, kandi ngo tugaragaze Imana hose.
IGISABISHO:
Dawe, ndagushimiye kunshira mu muryango wawe.
Urakoze ku bugingo bwawe buri muri jewe—ububasha, ubutegetsi n’umugabane wawe.
Mfasha gutemberera mu burenganzira wangeneye,
no gukoresha ububasha mfise muri Kristu, no gukoresha amajambo yanje mu kuryohora, kurema, gukiza no kurandura ibikorwa vy’umwijima.
Nyuzuza ubwenge bwawe kugira ngo nerekane ubuninahazwa bwawe aho ngendera hose.
Mw’izina rya Yesu. Amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
