MARIYA, UMUGORE ATARI NK’ABANDI

Mu mateka y’abizera, hariho abagore b’agatangaza.
Ariko Mariya—Mariyamu—aratandukanye n’abandi.

S’umugore atari nk’abandi gusa:
n’umugore atandukanye n’abandi bose, ata gukekeranya ko yatowe, yubahwa, kandi yagendewe n’Imana.

Muri Bibiliya, umumarayika yamuramukije gutya:
« N’amahoro, ugiriwe ubuntu, Umwami Imana ari kumwe nawe. »(Luka 1:28)

Muri Korowani, Imana imubwira nk’ayo majambo nyene akomeye iti:
وَاِ ذْ قَا لَتِ الْمَلٰٓئِكَةُ يٰمَرْيَمُ اِنَّ اللّٰهَ اصْطَفٰٮكِ وَطَهَّرَكِ وَا صََبَيٰك عِلٰ
« Wibuke igihe abamalayika bakubwira bati “Yewe Mariyamu! Mu by’ukuri, Allah yaragutoranije (ngo umugandukire), arakweza, anakurutisha abagore bo mw’isi.” » (Isura ya 3: Umurongo wa 42)

N’Imigenzo ibiri n’Ivyanditswe bibiri, ariko Ukuri ni kumwe: Mariya yaratoranijwe.

Ukuba ari hejuru y’abandi kwiwe ntibiri mu gitangaza kimuriko, ahubwo biri mu kwizera yakiranye ico gitangaza.

Ntiyavyumvise neza ngo abitahure, ariko yarizigiye, avuga ati Ego.
Igihe uwo mumarayika yamugendera, Mariya yamwishuye gusa ati:
« Nd’umugurano w’Umwami Imana, bimbere ukw ijambo ryawe rivuzwe. » ( Luka 1:38 )

Kandi Korowani imudondora muri iyo nzira nyene ya Bibiliya:
وَمَرْيَمَ ابْنَتَ عِمْرٰنَ الَّتِيْۤ اَحْصَنَتْ فَرْجَهَا فَنَفَخْنَا فِيْهِ مِنِبِدِكَّوَحَمْي وَكُتُبِهٖ وَكَا نَتْ مِنَ الْقٰنِتِيْنَ
« Yarizeye amajambo y’Umukama wiwe kandi yari umwe mu bayobotse. » (Isura ya 66: Umurongo wa 12)

Si ivy’impfagusa ko Isura yose yitwa izina ryiwe — Mariyamu — kandi ko izina ryiwe riboneka kenshi muri Korowani kuruta muri Bibiliya: inkuru yiwe ni igishingantahe c’isi yose.

Mariya yihanganiye urujijo, urubanza rw’abandi, irungu n’umubabaro.

Yavyaye wenyene, kure y’umuryango wiwe, ariko Imana iramutunga (Korowani, Sura 19:22-26).

Yarabonye Umwana wiwe yankwa, adatahurwa neza, abambwa nk’uko Bibiliya ibivuga…
kandi naho ari ukwo, yagumye ashikamye mu kwizera, nk’umugore yahisemwo Imana kuruta insobanuro zayo.

Mariya ni akarorero kubera ko yemeye ko Imana ikora ibintu bikomeye muri we.

Atwigisha ko:
•Imana ishobora gutangura igikorwa muri twebwe tutaratahura.
•Ukwizera s’ukumenya vyose, ahubwo vyose n’ukubitura Imana.
•Igitangaza ntigisubirira ukugamburuka; n’impembo yavyo.
•Ubuntu bugaragarira mu mutima wicishije bugufi, ntibubonekera mu nkomezi z’umuntu.

Mariya, umugore atandukanye n’abandi bose, yibutsa abemera muri iki gihe ko:
• Imana ikigendera abayugurukira.
• Imana ikiduza abicisha bugufi.
• Imana igishitsa ibidashoboka.
• Imana icandika inkuru zidasanzwe biciye mu buzima busanzwe.

Inkuru yiwe ntigamije kumugira ikigirwamana, ahubwo n’ukugira ngo tugire umutima wo kwigana ukwizera kwiwe.

Mu gusozera, Mariya n’umugore atandukanye n’abandi bose.
kuko yemeye ko Imana imugira
ivyo yari yateguye vyose.

Umuntu wese yubahuka kubwira Imana ati EGO afise ukwemera nk’ukwa Mariya, arashobora, nawe nyene, kuba inkuru y’ubuntu.

IGISABISHO:
Mukama, mpa kwicisha bugufi nka Mariya, ukwizigira nk’uka Mariya, ukwitanga nk’ukwa Mariya; Kugira ngo nanje mvuge nti:
«Bimbere ukw ijambo ryawe rivuzwe.»
Kandi ubugombe bwawe bube amahoro yanje.
Amen.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *