INGABIRE Y’IMANA S’IYO GUCISHA AMAHERA

“Ifeza zawe ziragapfana nawe, kuko ugira ngo ingabire y’Imana woyironkesha amahera.”
(Ivyakozwe n’Intumwa 8:20)

Hari ikintu kiriko kironona ukwizera kw’abantu benshi: guhindura ingabire y’Imana ikidandazwa.

Muri iki gihe, hari abantu biyita abakozi b’Imana birirwa basaba amahera ngo basengere abantu, bababohore, babahanurire canke ngo bemere kubonana nabo.
Aho ni ho ijambo ry’Imana rihagarara rikavuga riti: “Hagarara!”
“Gezaho!”

Ingabire y’Imana n’ubuntu, s’ikidandazwa.
Ubushobozi bwo gusenga, gukiza, guhanura no kubohora ntibukurwa mw’ishure, ntibutangwa n’abantu kandi ntibugurwa amahera. Butangwa n’Imana ku buntu, kubw’ubuntu bwayo.
Yesu yaravuze ati:
“Mukize abarwaye, muzure abapfuye, mukize abanyamibembe, musende abadayimoni. Mubiherewe ubusa, mubitangire ubundi.” (Matayo 10:8)

Iyo umuntu avuze ati: “Banza utange amahera kugira usengerwe,” aho ubuntu bw’Imana buba buhinduwe ikidandazwa, kandi igikorwa ca Mpwemu Yera kiba gihindutse umutahe w’ubudandaji.

Abantu benshi baja kurondera Imana bababaye — barwaye, bafise ibibazo vy’imiryango, ubukene canke ubwoba.
Ariko aho kubakiza, hari ababafata nk’isoko ry’amafaranga.
Bababwira ko igitangaza cabo gishingiye ku co bashoboye gutanga.
Ivyo bishira amahera mu kibanza c’Imana, bikomeretsa abakene kandi bituma abantu batakariza Imana icizere.
Yamara, Imana ntiyigeze ivuga ko uwutanze vyinshi ari we yitaho kurusha abandi.

Bibiliya iranaburira abantu ko ububasha bwose butava ku Mana. Yesu yavuze ko « hazokwaduka abigira Kristo n’abigira abavugishwa n’Imana, bagakora ibimenyetso bihambaye n’ibitangaza, kugira ngo bazimize n’abatoranijwe ni vyashoboka. » (Matayo 24:24)

Hari abashobora kuvuga amabanga y’abantu canke gukora ibidasanzwe, ariko ubuzima bwabo ntibugaragaza ivyamwa vyera, ukwicisha bugufi no kwerekana Imana. Aho amahera aba ari yo shingiro ry’umurimo, Imana ntiba iri hagati. Ububasha nyabwo buva ku Mana buzana ukwihana, ubugororotsi no kwubaha Imana, atari kwubaha umuntu.

Umukozi w’Imana w’ukuri ntadandaza amasengesho kandi ntapimira abantu ku mafaranga. Arashobora kwakira amaturo, ariko umutima wiwe uba uri ku bugingo bw’abantu, si ku nyungu ziwe.
Nk’uko Paulo yabivuze, hari « bamwe benshi, bacururisha ijambo ry’Imana », ariko ab’Imana b’ukuri ntibamera batyo (2 Ab’i Korinto 2:17).

Ukuri gukomeye ni uku:
Nta muntu akeneye guca ku muntu kanaka canke gutanga amafaranga y’itegeko kugira ngo Imana imwumve.
Ushobora kuyitakira aho uri hose, mu marira canke mu gahinda, kandi irumva.
Imana yegereye abayisenga mu kuri, itavanguye abakire n’abakene.

Ingabire y’Imana n’ubuntu, kandi ubuntu ntibugurishwa.

IGISABISHO:
Mwami Mana, duhe umutima wo kumenya ukuri no kudahendwa.
Tugumize hafi yawe kandi urinde abana bawe guhendwa n’abahindura ingabire zawe ikidandazwa.
Amen.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *