NTIWIHAKANE UMUNTU UZI

Muri Yohana 18:16–32, tuhasanga inkuru ikomeye ihora iba imbere y’amaso yacu.
Igihe Yesu yariko arahangana n’akarenganyo, Petero yari ahanganye n’iyindi ntambara: intambara y’umutima wiwe.

Yarakunda Yezu.
Yaramugendanira.
Yari yarasezeranye ko atazokwigera amuheba.

Ariko naho vyari ukwo… yaramwihakanye.
Si rimwe gusa, ahubwo ni incuro zitatu.

Kubera iki?
Si kubera ubwoba gusa, ariko kandi ni kubera umukazo, ijisho rya bose… kumbure n’isoni zo kwifatanya n’umuntu yacitse “ingorane,” yafashwe, aregwa, acirirwa urubanza ku mugaragaro.

No muri iki gihe, biracariho. Turahakana:
– umugenzi,
– umuntu bamenyanye,
– umuvukanyi,
– mbere n’uwo mu muryango…
Atari kubera ubwoba gusa, ariko kandi kubera uwo muntu yoba ari mu ngorane canke mu kintu coshobora guhumanya ishusho yacu.
Gutyo, turitandukanya na we. Turamwirinda. Turamwirengagiza. Twigira nk’uko tutamuzi.
Kandi rimwe na rimwe… turamwihakana.

Ivyo vyoba vyarigeze kukubako? Woba warigeze kwanka kuvugira umuntu?
Woba warigeze guceceka igihe wari ufise ico uvuga?
Woba warigeze kwitandukanya n’umuntu kugira ngo ukingire izina ryawe?

Kwihakanwa… birababaza cane. Cane cane iyo bivuye ku:
– muntu wo hafi yawe,
– umuntu wizigiye,
– umuntu waituye ngo agufashe.

Ni muri ivyo bihe — iyo ibintu bikomeye, iyo umuntu ari mu ngorane, iyo afise intege nke — ni ho akenera cane gufashwa, kwitwararikwa no gufashwa.

Ariko… aho niho kandi abantu kenshi bahebera abandi.

Ariko Ijambo ry’Imana riduhamagarira gufata inzira itandukanye n’iy’impengamiro zacu z’akameremere:
“Mwakirane imitwaro, mushikane murtyo ivyagezwe na Kristo.”( Ab’i Galatiya 6:2 )
“Nuko muhanurane, mukomezanye, nk’uko mubikora nyene.“( 1 Ab’i Tesalonike 5:11 ).

Imana ntiduhamagarira guhunga abaguye, ahubwo iduhamagarira kubahagurutsa. Ntiduhamagariwe kurinda ukuntu tuboneka, ahubwo duhamagariwe gushingira intahe urukundo rwiwe.

Uyu musi, iri jambo riduhamagarira kuzirikana: Twoba tuzomera nka Petero, turongowe n’ubwoba n’isoni? Canke twoba tuzohitamwo kwiyegereza abandi, naho vyoba bigoye? Kuko urukundo rw’ukuri ni uguhitamwo kuguma hafi… n’igihe bitoroshe.

ISENGESHO:
Mwami, mbabarira ibihe nahunze, ncereje, canke nkihakana abandi kubera ubwoba canke isoni.
Mpa umutima w’ubushizi bw’amanga, ushobora gukunda, gufasha no kuguma ari intahemuka, no mu bihe bigoye. Nyigisha kurongora abandi, nk’uko Unyitwararika imisi yose. Amen.

Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *