Gufata icemezo ni kimwe mu bintu bihambaye cane mu buzima bw’umuntu.
Icemézo kimwe kirashobora kwugurura umuryango… canke kuwugara.
Kirashobora kukwegereza ku mugambi Imana yaguteguriye… canke kukwigiza kure yawo.
Bibiliya iratwereka ko ubuzima bw’abantu benshi bwahindutse kubera icemezo kimwe gusa bafashe.
Reka turabe mu gitabo c’Itanguriro 13:10–11:
Loti yaritegereje, abona ikiyaya ca Yorodani gifise amazi menshi kandi gisa neza… aca ahitamwo kujayo.
Ariko ntiyamenye akaga ko mu vy’impwemu.
Ico cemezo camujanye i Sodomu, ahantu h’ubwononyi n’amahonero.
Icemézo gishingiye gusa ku vyo amaso abona kirashobora gushikana ku kuranduka.
Ku rundi ruhande, muri Yosuwa 24:15, Yosuwa aravuga ati:
“Jeho n’abo mu rugo rwanje tuzokwama tugendanira Uhoraho.”
Yosuwa ntiyarindiriye ko ibintu vyose biba vyiza.
Yafashe icemezo gikomeye, gisobanutse kandi gishingiye ku Mana.
Kandi ico cemezo cagize inkurikizi kubamukomokako bose.
Hari abantu bababaye uno musi atari uko Imana yabahevye… ahubwo ar’uko bananiwe no gufata icemezo.
Baba bibaza ngo bazokora ejo ivyo Imana ibasaba gukora uno musi.
Mu 1 Abami 18:21, umuhanuzi Eliya aravuga ati:
“Muzogeza ryari kuba ba nyamujiryanino? Asangw’ Uhoraho ari we Mana, ni mumukurikire.”
Kudafata icemezo ni akaga nk’ako gufata icemezo kibi.
Kudahitamwo ni nko guhitamwo kuguma aho uri.
Hariho kandi n’igihe gikwiye.
Mu Umusiguzi 3:1, handitswe ngo:
“Ikintu cose cashingiwe igihe caco, kand’ igikorwa cose musi y’ijuru gifise akanya kaco.”
Icemézo ciza gifatiwe mu gihe kitari co kirashobora gutanga inkurikizi mbi.
Kandi icemezo gitevye gufatwa kirashobora gutuma amahirwe agucika.
Ni co gituma bidahagije gufata icemezo gusa — utegerezwa kugifata uri kumwe n’Imana.
Nk’uko vyanditswe mu gitabu c’Imigani 3:5–6:
“Wizigize Uhoraho umutima wawe wose… Na we azogorora inzira zawe.”
Icemézo kiyobowe n’Imana kizana amahoro, naho inzira yoba igoye.
IGISABISHO:
Mwami, mpa ubwenge bwo gufata ingingo nziza.
Undinde kwihutira ibintu no kdidinganya.
Nyigisha kumenya ibihe no kwumva ijwi ryawe.
Reka buri cemezo mfata kimpe kwegera ubugombe bwawe.
Mw’izina rya Yesu, Amen.
Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA
