«Muzomenya ukuri, kandi ukuri kuzobaha kwidegemvya.»
(Yohana 8:32)
Igihe Yesu yavuga ati: «Muzomenya ukuri», ntiyariko avuga gusa ivyerekeye ubumenyi bwo mu bwenge, ahubwo yariko yerekeza ku kuri guhishurirwa muri We.
Gusoma Bibiliya ni ngirakamaro, ariko intumbero nyamukuru s’ukumenya gusa ivyanditswe; n’ukumenya Uwo Ivyanditswe biduhishurira: Yesu Kristo, We Kuri.
Ni We yivugiye ati:
«Ni jewe nzira, n’ukuri, n’ubugingo.»
(Yohana 14:6)
VYIYUMVIREKO NAWE!
Yesu s’umuntu gusa yigisha ukuri gusa, YESU NI WE KURI!
Ni co gituma kumenya Ukuri ari ukumenya Yesu.
Kandi kumumenya vy’ukuri n’ukwinjira mu kwidegemvya atanga.
Iyo Yesu yinjiye mu buzima bwawe, Ubugingo buba bwinjiye!
Iyo Yesu abaye Inzira yawe, ntuba ugikeneye kuyerera utazi iyo werekeza.
Iyo Yesu aguhishuriye Ukuri kwiwe, ibinyoma vyakuboshe bitangura gutakaza ububasha bwavyo.
Kandi iyo Umwana aguhaye umwidegemvyo, uronka ukwidegemvya ata muntu n’umwe ashobora kuguha.
Ntuba uwidegemvya gusa kubera ko uzi imirongo myinshi ya Bibiliya.
Ukwidegemvya kukuzako iyo umenye Yesu, ari We Kuri!
Menya Yesu.
Menya Ukuri.
Niho uzoronka ukwidegemvya.
«Umwana ni yabaha kwidegemvya, muzoba abidegemvya nyakuri.»
(Yohana 8:36)
Shalom.
Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA
