«Twame dukora ivyiza, ntiducobogore, kukw igihe ni cashika tuzokwimbura, ni tutarambirwa.»
(Ab’i Galatiya 6:9)
Hagati yo kubiba no kwimbura, haba igihe kigoye: igihe co kurindira.
Warasenze, ariko nturabona inyishu.
Waragamburutse, ariko nturabona ivyamwa.
Wabivye mu marira, ariko igihe co kwimbura ntikiragera.
Ntukiyumvire ko ata kiriko kiraba.
Imbuto ihambwe mu butaka ntiboneka, ariko ishobora kuba iriko irashinga imizi.
Ni ko n’Imana ishobora gukomeza ukwizera kwawe, ikaguhindura mu mutima no mu ngeso, ikakwigisha kwihangana mu gihe urindiriye.
Ntukitiranye ugacerere n’ukudakora, canke uguteba n’ugutsindwa.
Bandanya gusenga.
Bandanya kwizera.
Bandanya gukora ivyiza.
Ntureke ngo ukutihangana gutume uta ivyo watanguye wizigiye Imana.
Ico usabwa n’ukubiba udahemuka; ariko igihe co kwimbura ntikiri mu minwe yawe.
IGISABISHO:
Mwami, nkomereza ukwizera kwanje mu gihe ndindiriye. Mfasha kudacika intege canke ngo ndeke, ahubwo ngume ndi umwizigirwa gushika kw’iherezo. Nyigisha kwizigira igihe cawe. Amen!
Ntukarambirwe no kubiba. Ntucike intege mu gihe urindiriye.
Bandanya gukora ivyiza!
Shalom!
Kubwo gukomeza aberanda,
Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA
THE LION OF JUDAH MISSION IN THE WORLD
