NTIMUHE IJAMBO SATANI!

Guha Satani ijambo ntibisobanura ko tuvugana na we; ahubwo ni ukureka ibinyoma vyiwe, ivyo atwagiriza, n’ivyiyumviro vyiwe bikagira ububasha ku vyiyumviro vyacu no ku ngingo dufata.

Kuva mu murima wa Edeni, Satani yaragerageje gutuma abantu bakekeranya ku Mana:

«Imana izi yuk’umusi mwabiriyeko, amaso yanyu azokwihweza, mukamera nk’Imana ku vyo kumenya iciza n’ikibi.» (Itanguriro 3:5)
«Haba n’intete ntimuzopfa.» (Itanguriro 3:4)

No muri iki gihe, aracabwira abantu mu bwongoshwe ati:

«Imana yaragutaye.»
«Ntuzokwigera ubishobora.»
«Nta cizigiro ukigira.»
«Bikore uko wewe ubishaka.»
«Nta muntu azomenya icaha wakoze.»

Ariko s’ivyiyumviro bibi vyose biva kuri Satani.
Dutegerezwa gutandukanya ivyo twumva n’ivyo twemera, tukamenya ico tureka kikadutwara ubuzima.

Bibiliya iratubwira iti:
«Nuko mugamburukire Imana, ariko murwanye wa Murwanizi, na we azobahunga.» (Yakobo 4:7)

Iyo umwansi avuze ati: «Ntibishoboka», izere Imana kandi uyizigire.

Iyo avuze ati: «Waciriwe urubanza», ibuka ko «ata rubanza rw’ugutsindwa ruri ku bari muri Kristo Yesu.» (Abaroma 8:1)

Ntimuhe Satani ijambo rya nyuma. Murihe Imana!

Murwanye Satani, mugume mwiziritse kw’Ijambo ry’Imana kandi mugumye mu kwizera.

IGISABISHO:
Mwami, rinda umutima wanje n’ivyiyumviro vyanje.
Mfasha gutahura ibinyoma vy’umwansi no kutabiha ikibanza mu buzima bwanje.
Ijambo ryawe niribe ijwi rihora rimpa ubuyobozi.
Mw’izina rya Yesu Kristo. Amen.

Shalom.

Kubwo gukomeza aberanda,
Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA

THE LION OF JUDAH MISSION IN THE WORLD

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *