IMIGAMBI YABO NTIZOSHITSWA !

«Yica imigabo y’ingunge,
Kugira ngw amaboko yazo ntagire ingene yoyishitsa.» (Yobu 5:12)

Hari abantu bashobora kugirira abandi imigambi mibi mu mpisho: kwonona izina ryabo, kuburizamwo imigambi yabo, kubatandukanya n’abo bakunda canke kubabuza gushika ku co bipfuza.

Ariko ntuzokwigere wibagira ko amayeri y’abantu adashobora kurusha ubwenge bw’Imana!

Imana irashobora gushira ahabona ivyari vyanyegejwe, kwica imigambi mibi no guhindura ikintu cari kigamije kukurandura kikakubera akaryo ko gushingira intahe ibikorwa vyayo.

Yozefu yagurishijwe na bene wabo, ariko Imana yaramudugije. Hamani yagize umugambi wo kwica Moridekayi, ariko umutego yari yamuteze ni we yawuguyemwo.

Nuko rero, ntubeho utinya abantu kandi ntugerageze kwihora.
Gendera mu kuri, gumana ubugororotsi bwawe kandi wizere Imana.

Abantu barashobora kugambirira kukugusha, ariko si bo bafise ijambo rya nyuma ku buzima bwawe no kuri kazoza kawe!

Shalom!

Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *