«Uyu ni wo musi Uhoraho yashizeho; Turawunezererwako, tukawuhimbarirwako.»
(Zaburi 118:24)
Buri musi Imana itugenera ubuzima, ubuntu n’imigisha myinshi dukwiye kwakira, kunezerererwamwo no kuyishimira.
Ariko Satani ahora agavye kugira ngo aduteshe ivyo Imana yatugeneye, mu kudusamaza kugira ngo ntitubone ivyiza Imana idukorera.
Uyu musi, ntiwemere kugungwa! Saba Mpwemu Yera akuyobore, agufashe kubona no kwakira ivyiza Imana yaguteguriye uyu musi.
Ibuka ko uyu musi utazosubira kubaho nk’uko uri ubu.
Ejo hazoba ari uwundi musi, ufise ubuntu, imigisha n’amahirwe vyawo.
Ntureke ngo amaganya y’ejo canke ibikomere vyo muri kahise bikubuze kunezerererwa no gushimira Imana ku bw’uyu musi yaguhaye.
Akira uyu musi nk’ingabire iva ku Mana, uwunezererwemwo kandi uwukoreshe neza!
Shalom.
Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA
THE LION OF JUDAH MISSION IN THE WORLD
