BERA ABANDI UMUGISHA!

«…nzoguha umugisha, izina ryawe ndarigire rurangiranwa; n’abandi baze bagire umugisha kubgawe.» (Itanguriro 12:2)

Imana ntiduha umugisha ku bwacu gusa. Itugirira neza kandi kugira ngo natwe tube isoko y’imihezagiro ku bandi.

Ubuzima bwawe ntibukwiye kuba nk’ikidengeri kibikwamwo amazi ntasohoke, ahubwo bukwiye kuba nk’uruzi ruhorana amazi, aho ivyiza vy’Imana bishikira n’abandi biciye muri wewe.

Ushobora kuba udafise vyose, ariko urafise ico woshobora gutanga.
Amajambo yawe arashobora kuremesha, amaboko yawe agafasha, amasengesho yawe agakomeza abandi, kandi ubuntu bwawe bukagarurira umuntu icizere.

Ntubeho urondera guhabwa gusa. Nubeho kandi utanga, ukorera abandi, uremesha abacitse intege kandi ugira ico uhinduye mu buzima bw’abandi.

Ntiwigere wibagira: Ubuzima bwawe bwahezagiwe n’Imana bukwiye kuba umugisha no ku bandi.

IGISABISHO:
Data wo mw’ijuru, nyigisha kutakira imigisha yawe gusa, ariko no kuyisangira n’abandi. Hindura ubuzima bwanje igikoresho co gushikiriza abandi urukundo rwawe, ubuntu bwawe n’ineza yawe.
Mw’izina rya Yesu Kristo.
Amen.

Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA
THE LION OF JUDAH MISSION IN THE WORLD

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *