IKEBUKE !

«Ariko umuntu wese asuzume ibikorwa vyiwe.» (Ab’i Galatiya 6:4)

Iyo ubonye abantu benshi batakwemera, batakwizera canke bakwinuba, ntuce wihutira kwiyanka, canke ngo wiyumvire ko bose ari bo bafise amakosa canke aribo babi.

Banza wisuzume!

Isuzume umenye nimba ata ruhara ubifisemwo.
Har’aho wosanga biva ku majambo atari meza uvuga, ku ngeso zitari nziza bakubonako canke ku bikorwa bitari vyiza ukora.

Nimba hari ico ukora nabi, ni wikebuke wemere kugikosora. Nimba hari abo wababaje, ca bugufi ubasabe ikigongwe.

Wikebuke, ariko ntiwiyanke. Kosora ibitagenda neza, ariko ntiwemere ko abantu bakugukurako agaciro Imana yaguhaye.

IGISABISHO:
Mwami Imana yanje, mpa umutima wo kwisuzuma, kwemera amakosa yanje no kugira ubushizi bw’amanga bwo kuyakosora.
Mw’izina rya Yesu, Amen.

Shalom.

Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA
THE LION OF JUDAH MISSION IN THE WORLD

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *