MPWEMU YERA, IMANA MURI TWEBGE

Abemeye kandi bakakira Yesu nk’Umwami n’Umukiza wabo bakiriye kandi na Mpwemu wiwe mu mitima yabo.
« Iy’ umuntu adafise Mpwemu wa Kristo ntaba ar’ uwiwe. »(Abaroma 8:9)

Ntidushobora rero kuvuga ko dufise Mpwemu Yera nitwaba tutamwakiriye ngo tumureke aze kuba mu mitima yacu.
« Ntimuzi y’ukw imibiri yanyu ar’ insengero za Mpwemu Yera ari muri mwebge, uwo mufise, avuye ku Mana? Kandi si mwe mwiganza. »(1 Abakorinto 6:19)

Iyo Mpwemu Yera aje kuba mu mitima yacu, ntituba tukiganzwa n’akameremere k’umubiri, ariko tuba tuganzwa n’impwemu.(Abaroma 8: 9)
Yirukana ivyiyumviro vyacu bibi n’ingeso z’ivyaha akabisuburiza n’ugukunda iciza, gukunda ukuri no kwanka ivyaha.
Aduhindura abantu bashasha kandi akaduha impano zitandukanye (ubwitonzi, ubwenge, inama, inkomezi, ubumenyi, kwubaha Imana no gutinya Imana) kugira ngo adushoboze gukora imirimo itandukanye neza mu mu muryango wa Kristo.
Rero, Mpwemu Yera ni « Imana muri twebge ».
Uriteguye kureka Imana ikaza kuba mu mutima wawe no kuyobora ubuzima bgawe?

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe kureka Mpwemu wawe ngo aze yibere muri twebge.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *