IMPANO ZA MPWEMU YERA

Iyo umuntu yakiriye Mpwemu w’Uhoraho, ica imubera « impwemu y’ubgenge n’iy’ ugutahura, impwemu yo kuja inama n’iy’ ubushobozi, impwemu y’ukumenya Uhoraho n’iy’ ukumwubaha. »(Yesaya 11:2)

1. Ubgenge:
Ubgenge butuma twumva uburyohe bw’ibintu vy’imana. Butezimbere ubumenyi bwacu bwuzuye Imana hamwe n’ibisanga intego yayo mu Mana kandi biva ku Mana.
2. Ugutahura:
Kudufasha gusobanukirwa n’amayobera yo kwizera.
3. Kuja inama:
Impano yo kuja inama idufasha kumenya neza ubugombe bw’Imana kuri buri mwanya na buri muntu, inadushoboza no kugira inama abandi.
4. Ubushobozi:
Impano y’ubushobozi idutuma gushikama mu kwizera, gukomera mu rugamba, kwihangana no kuba abizerwa mu bikorwa.
5. Kumenya Uhoraho:
Impano y’ubumenyi ituma dusobanukirwa ivyaremwe ivyo arivyo, n’ivyo bitegerezwa kuba, dukurikije intumbero ziva ku Mana.
6. Kwubaha Imana:
Kwubaha Imana bituma twanga ibyaha byose, kandi bigashira mu mitima yacu impwemu yo kuninahaza no kwicisha bugufi bivuye ku mutima.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe Mpwemu Yera kugira ngo aduhindure.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *