GUKORERA KW’ISENGERO SIKO GUKORERA IMANA

Umuntu wese afise umubano nyawo n’Imana ntashobora kubura kuyisaba. Kandi ijambo ry’Imana rivuga neza ko dutegerezwa gukorera Imana.

« Ku vy’ugushishikara, ntimugire urwangara; mukovye mu mitima gukorera Umwami wacu. »(Abaroma 12:11)

Nigute twokorera Imana?
Hariho abibaza ko kuja kw’isengero kenshi canke kugira ibikorwa bimwe na bimwe gusa kw’isengero arikwo gukorera Imana. Oya sivyo, n’ukwibesha.
Kuja kw’isengero kenshi canke kugira ibikorwa bimwe canke vyinshi kw’isengero, ntaho bihuriye no GUKORERA IMANA.
GUKORERA IMANA n’ugushingira intahe urukundo n’ivyiza vy’Imana muri vyose, misi yose na hose kubw’icubahiro c’Imana.
Muri make, n’ukwitaho umuryango n’urugo vyacu, umugabo, umugore, n’abana; n’ukwitaho ivyo dushinzwe canke tujejwe, n’ukwitwararika abandi, gukora ivyiza no kwirinda kugirira nabi abandi.
Imbere yo kuja gukorera kw’isengero dukwiriye kubanza kuba akarorero keza k’urukundo rw’Imana mu ngo zacu, mu miryango yacu, mu babanyi bacu, mubo dukorana, kugira ngo Imana ihimbarwe n’ivyo dukorera kw’isengero.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe kumenya kugukorera neza.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *