IYO IGIHE KIGEZE

Abaherezi bakuru n’abakuru b’abashibamyi b’urusengero n’abashingantahe bari barashatse uburyo bwo kwica Yesu, ariko birananirana kubera ko batinya abantu.
Niho rero barondera uburyo bwo gufata Yesu mu gicugu ku musozi wa Elayono.

Bamaze kumufata, Yesu arababwira ati:
« Imisi yose namana namwe mu rusengero ko mutaramvuye amaboko ngo mumfate; arikw iki n’igihe canyu n’ic’ ububasha bg’umwiza. »(Luka 22:53)

Muvy’ukuri, imbere y’igihe ntaba arico gihe n’inyuma y’igihe, ntihaba ari igihe.
Kandi igihe kigeze, ntakintu na kimwe gishobora kubuza ibitegerezwa kuba nimba ari Imana yavyemereye.
Muri ico gihe, n’ubwo hari mw’ijoro, igihe c’ububasha bg’umwiza, Imana yemeye ko Yesu afatwa kugira ngo icubahiro cayo kigaragare mu gutsindwa kw’abateguye iri fatwa, biciye mw’izuka.
Bishitse ko natwe tugwa mu maboko canke mu mitego y’abansi bacu, reka tumenye ko aba ari igihe cavyo kandi ko Imana iba yavyemeye kubw’icubahiro cayo.
Imana iravyemera kugira ngo twicishe bugufi tugaruke kwihana, canke kugira ngo icubahiro cayo kigaragare mu gutsindwa kw’abansi bacu.
Ivyo ari vyo vyose, dukwiriye gushimagiza Umwami, we afise ijambo rya nyuma mu bihe vyose.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, dufashe gushobora kwicisha bugufi igihe kigeze co kugwa mu maboko y’abansi bacu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *