UKURI KUDUHA KWIDEGEMVYA

Yesu yabwiye Abayuda bari bamwemeye ati:
« Ni mwaguma mw ijambo ryanje, mur’ abigishwa banje vy’ukuri; kandi muzomenya ukuri, kand’ ukuri kuzobaha kwidegemvya. »(Yohana 8:31-32)

Muvy’ukuri, Umwami wacu Yesu arahuza cane ibi bintu bitatu bikurikira: ijambo ryiwe, ukuri n’ukwidegemvya.

1.Ijambo ryiwe:
Yesu yigishije ijambo ry’Imana.
Dushaka kumenya ijambo ry’Imana, nta handi tworironderera atari muri Yesu.
« Jambo yihaye umubiri, abana natwe, twitegereza ubgiza bgiwe, n’ubgiza bumeze nk’ubg’ Umwana w’ikinege ava kwa Se, yuzuye ubuntu n’ukuri. »(Yohana 1:14)

2.Ukuri:
Ukuri guturuka kw’Ijambo ry’Imana (ijambo rya Yesu).
None Yesu atubwira iki?
« Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo: nta wushika kuri Data ntamujanye. »(Yohana 14:6)
Dushaka kumenya ukuri, dutegerezwa kukuronderera mu nyigisho za Yesu.
Kuronderera ukuri inyuma y’inyigisho za Yesu n’ukwihenda kandi n’ukwishira mu kaga ko kugwa mu buja bw’ikinyoma ca Satani n’ikibi.

3.Umwidegemvyo:
Umwidegemvyo uturuka ku kuri kwakiriwe mu nyigisho za Yesu. Ukuri ko Yesu ari umukiza wacu kandi ko ibikorwa yakoreye ku musaraba cadukuyeko amategeko kituzana mu buntu, kuduha kwidegemvya.
Muvy’ukuri, igihe cose umuntu ataramenya ukuri kuri we no kuri Yesu, aguma ari mu buja kandi bw’ibinyoma vya Satani n’isi y’umwijima.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe guhora turondera kumenya ukuri.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: + 250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *