NTIWIZIGIRE ABANTU

N’aho abantu bagaragara nk’aho ari abagwaneza, beza, abanyabwenge, abanyamahoro, ntupfe kubizigira. Ukwiye kwizigirwa wenyene ni Uhoraho Imana yacu.

« Mwiyubarane, umuntu wese yiyubare umubanyi wiwe, kandi ntihagire uwo muri mwebge yizigira mugenzi we: kuk’ umuntu wese agendanira ubugunge mugenzi we, kand’ umubanyi w’umuntu wese agenda amurementaniriza. »(Yeremiya 9:4)

Abantu bamwe bamwe ntibaza mu buzima bwawe kugukunda, baza mu buzima bwawe kugukoresha.
Ntibaza bazanywe no kwungura ubuzima bwawe, baza kuburonderamwo ico bifuza.
Ntibakubona nk’umuntu, bakubona nk’amahirwe.
Ntiwibaze ko abo bose wita abagenzi bawe bagukunda, bamwe muri bo bagukunda gusa kuvyo bashobora kugukurako.
Witondere abantu kugira ngo ntuzohave uhemukirwa ngo wicuze.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe kukwizigira wenyene kandi uturinde kwizigira abantu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: + 250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *