MBEGA IVYO VYOSHOBOKA ?

Ababa i Samariya bari mu bihe bibi, biteye n’ubwoba igihe Abanyasiriya bari bakikuje igisabara cabo, kandi n’ibiryo vyari bike cane.
Ivyizigiro vyabo vyose vyari vyacitse ku buryo batari n’Imana ataco bari bayitezeko kandi yo yarishoboye kubafasha.

Niho rero umuntu w’Imana Elisha yahanura ati:
« Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho: uku ni k’Uhoraho agize, ngw Ejo nk’aya mango, kw irembo ry’i Samariya, ingero y’ifu igogoretse izogurwa shekeli imwe, kandi n’ingero zibiri za sayiri zizogurwa shekeli imwe nyene. »(2 Abami 7:1)

Ubwo buhanuzi bwasa nk’aho ari bwiza cane ku buryo bitari vyoroshe kubwizera. Vyasaba ko hakurwaho igitero ca Siriya ndetse n’ibiribwa vyinshi bikinjizwa mu gisagara. Ivyo vyose uko ari bibiri vyasa nk’aho bidashoboka.
Umugabisha w’umwami yari ahari, ntiyizera ko ivyo amatwi yiwe yamwumvishije arivyo, maze abwira Elisha ati:
« Mbeg’ Uhoraho naho yotobora amadirisha mw ijuru, ivyo vyoshoboka? »
Ariko, kubera ko uyo mugabisha w’umwami yasuzuguye ubwo buhanuzi, yanka kubwemera, Elisha yaciye amwishura ati:
« Uzobirabisha amaso, ariko ntuzobiryako. »(2 Abami 7:2)
Nta kinanira Imana, Kandi iyo ivuze, biraba.

Ni bibi cane kutizera amajambo y’Imana. Niba ukutizera kwacu kutubuza kwakira impano y’Imana y’ubugingo buhoraho, umunsi umwe « tuzobibona n’amaso yacu » ariko ntituvyungukiremwo! Nyabuna uragaba ntibizohave bikubako!

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mu ijuru, duhe guhora twizera ijambo ryose riva mukanwa kawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: + 250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *