UMUNTU N’IMANA BARIHURIYE

Nta muntu yigeze kubona Imana na rimwe. Ariko umuntu n’Imana barihuriye.
Umuntu n’Imana bahuriye muri Kristo.
« Umwana w’ikinege aba mu gikiriza ca Se ni we yayimenyekanishije. »(Yohana 1:18)

Kristo rero niwe huriro ry’umuntu adatunganye n’Imana itunganye.
« Arikw ivyo vyose biva ku Mana, yatwiyujujeko kubga Kristo. »(2 Abakorinto 5:18)

Kubera ko twakiriye Yesu mu buzima bgacu kandi tukamwemera nk’Umwami n’Umukiza wacu, Imana itubona biciye muri Kristo, natwe dushobora kubona Imana biciye muri Kristo gusa.
Kristo rero aduha uburebganzira bgo kubana n’Imana, Kristo aduha urufatiro rwo kwegera Imana ata caha twiyagiriza, ata n’urubanza ruturiko.

Amasengesho yacu ari muri Kristo kandi Imana ntishobora kuvuga « Oya » ku masengesho yacu, kuko turi muri Kristo.
Niyo mpamvu Yesu yagize ati:
« Ni mwaguma muri jewe, amajambo yanje akaguma muri mwebge, musabe ico mugomba cose, kizobabera kuno. »(Yohana 15:7)

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe kuguma muri Kristo.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *