HINDURA IVYIYUMVIRO VYAWE !

Imana ntigusaba guhindura umutima wawe, igusaba guhindura ivyiyumviro vyawe, nayo igaca ihindura umutima wawe.
Erega uko guhindura ivyiyumviro nivyo vyitwa kwihana.

« Ivy’ ukuri vyose, ivyo kwubahwa vyose, ibigororotse vyose, ibitanduye vyose, ivy’ igikundiro vyose, ibishimwa vyose, ni haba harih’ ingeso nziza, ni haba hariho gushimwa, abe ari vyo mwiyumvira. »(Abafilipi 4:8)

Hindura ivyiyumviro!
Niwahindura ivyiyumviro, Imana izohindura umutima wawe.
Imana izokwinjira mu mutima wawe, iguhindure wese kandi uzoca uba umuntu yavutse ubga kabiri. Ico n’igikorwa Mpwemu Yera azokwikorera.
« Ntimushushanywe n’ivy’ iki gihe, yamara muhinduke rwose, mugize imitima misha, kugira ngo mumenye neza ivy’ Imana igomba, ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose. »(Abaroma 12:2)
Hindura ivyiyumviro.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe ubutwari n’inkomezi zo guhindura ivyiyumviro vyacu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *