UBGENGE NO GUTAHURA

Mu gitabo ca Yobu, igice ca 28, umurongo wa 28, Yobu avuga ati:
“Kwubaha Uhoraho ni bgo bgenge, Kandi kuva mu vyaha ni kwo gutahura.”

Umuntu azi ubgenge n’uwuhora yubaha Imana, akayireka ikamuyobora, nawe akayigamburukira mu buzima bgiwe kubera azi kandi ahora yibuka ko Imana ariyo yamuremye kandi ataco yokwishoboza itamushoboje.
Mbega umuntu yovuga gute ko ari umunyabgenge atubaha Imana yamuhaye ubuzima ikamuha n’ubwo bgenge?
Ahubwo uwo muntu yoba ar’ikijuju.
Ivyo nivyo dukwiriye gutahura.

Uwatahuye neza ivy’ubuzima, n’uwatahuye ko Imana yamuremye yanka icaha n’igisa naco, n’uwatahuye ko kugira umubano wiwe n’Imana ugume umeze neza, ategerezwa kuva mu vyaha kuko bibabaza Imana.
Mbega umuntu yoba yatahuye iki mu buzima nimba adatahura ko kuba mu vyaha biteye isoni imbere y’Imana n’abantu?
Kwoba ari ukwihenda.

Gira ubgenge kugira utahure!

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe ubgenge n’ugutahura.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

Intumwa y’Imana Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *