DUFISE UBUGINGO BUHORAHO

Ijambo ry’Imana ritubwira ko kuva twizeye Imana n’umwana wayo Yesu Kristo, dufise ubugingo budashira.
« N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Uwumva ijambo ryanje, akizera uwantumye, ni we afise ubugingo budashira, kandi ntazoshirwa mu rukinja, arikw aba avuye mu rupfu, ashitse mu bugingo. »(Yohana 5:24)

Imvugo « dufise ubugingo budashira » iri muri kubu. Ntihanditse ngo « azoronka ubugingo budashira », handitse ngo « afise ubugingo budashira ». Mu yandi majambo, abizera BAFISE ubuzima buhoraho.
« Ubu ni bgo bugingo budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo. »(Yohana 17:3)

Ivyo navyo vyo kuduha ubugingo budashira vyaturutse ku rukundo Imana yadukunze nk’uko Yohana abivuga:
« Urukundo Imana yakunze abari mw isi ari rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ umwizera wese ntaz’ apfe rubi, arikw ahabge ubugingo budashira. »(Yohana 3:16)
Yesu nawe agira ati: « Ababaye intama zanje bumva ijwi ryanje, nanje ndabazi, na bo barankurikira, kandi nanje mbaha ubugingo budashira, nta ho bazokwigera bapfa rubi gushitsa ibihe bidashira, kandi nta wushobora kubanshikura mu kuboko kwanje. Data yabampaye ni we aruta bose; nta wushobora kubashikura mu kuboko kwa Data. »(Yohana 10:27-29)

Iyo rero twakiriye Yesu Kristo mu buzima bgacu, tuba twakiriye n’ubugingo buhoraho kandi ntidushobora kubutakaza, kuko Yesu aguma muri twe kandi akabana natwe ibihe vyose.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe guhora twibuka ko kuva twizera Yesu Kristo twaronse ubuzima budashira.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye tuvyizeye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *